00:00:00 IGIHE NETWORK KN KINYARWANDA EN ENGLISH FR FRANCAIS

Burundi: Ikugwaho ry’ikori nyongerera gaciro ntirizobuza iduga ry’ibiciro

Yanditswe na

Ishatse Fidélité

Kuya 8 May 2012 saa 06:10
Yasuwe :

Ingingo Leta y’u Burundi yafashe y’ugukura amakori ku bifungugwa biva hanze y’u Burundi ntishimisha abadandaza babizana mu Burundi. Abo badandaza bavuga ko ‘kugira ibiciro ku bifungugwa bigabanuke’ Leta y’u Burundi ngo ikwiye guheba ibice 75 kw’ijana ( Taxe de douane) birihwa ku bidandazwa vyinjira n’ibisohoka mu Burundi haguheba ibice 18 kw’ ijana vy’ikori nyongerera agaciro TVA.
Ku musi mpuzamakungu wahariwe abakozi Umukuru w’Igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza; mw’ijambo yashikirije’ (…)

Ingingo Leta y’u Burundi yafashe y’ugukura amakori ku bifungugwa biva hanze y’u Burundi ntishimisha abadandaza babizana mu Burundi. Abo badandaza bavuga ko ‘kugira ibiciro ku bifungugwa bigabanuke’ Leta y’u Burundi ngo ikwiye guheba ibice 75 kw’ijana ( Taxe de douane) birihwa ku bidandazwa vyinjira n’ibisohoka mu Burundi haguheba ibice 18 kw’ ijana vy’ikori nyongerera agaciro TVA.

Ku musi mpuzamakungu wahariwe abakozi Umukuru w’Igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza; mw’ijambo yashikirije’ yamenyesheje Abarundi n’amakungu ko Leta y’Uburundi ikuyeho amakori atozwa ku bidandazwa vy’ibiribwa biva hanze y’igihugu.

Iyo ngingo yarashimishije abatari bake mu Burundi narirya amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike hamwe n’amasendika y’abakozi yari yahagaritse akazi umusi wose ku itariki 5 z’ukwezi kwa gatanu.

Iryo hagarikwa ry’akazi rikaba ryakozwe mu ntumbero yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye mu Burundi.

Ariko rero haciye imisi Umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu Léonidas Hatungimana yaciye amenyesha yuko hagiye gukugwaho gusa ibice 18 kw’ ijana vy’ikori nyongerera agaciro kubiribwa vyinjira mu Burundi.

Abadandaza bakura ivyo bifungugwa hanze y’igihugu ntibanezerejwe n’iyo ngingo. Abo twavuganye babona ko naho iyo ngingo yafashwe atakinini igiye guhindura ku kuzimba kw’ibifungurwa kwibonekeza mu Burundi.

Aha bavuga ko hagukuraho ibice 16 vy’ikori nyongerera agaciro ko vyoba vyiza reta y’u Burundi ikuyeho nyabuna ibice 75 vy’ikori bariha iyo binjije ivyo biribwa mu Burundi, ngo kuko ariryo ribavuna ahanini.

Iyo ngingo yo gukuraho ivyo bice 16 vy’ikori nyongereragaciro ku bwoko bw’ibifungugwa birenga icumi, izoja mu ngiro kuva itariki 15 z’uku kwezi gushika kw’igenekerezo rya 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Ishatse Fidélité/Igihe.com -Bujumbura


Kwamamaza

Kwamamaza

Kwamamaza

TANGA IGITEKEREZO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'IGITEKEREZO CYAWE

Kwamamaza

Special pages